Impunzi z’Abanyecongo mu Burundi zibayeho mu buzima bubi
Автор: Tele Renaissance
Загружено: 2025-12-19
Просмотров: 8836
Haraheze hafi ukwezi Uburundi buriko burakira impunzi z’Abanyecongo ziharurwa mu bihumbi zihunga intambara zavugwa mu buseruko bwa Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Abo Banyecongo bagizwe n’abagabo, abakenyezi n’abana, bakaba benshi bashitse imbere y’uko igisagara ca Uvira gifatwa, baca bashikira muri Buganda no mu Gatumba.
N’aho muri kino gihe abahunga bagabanutse, ubuzima babayemwo mu makambi bashikanywemwo ntibwifashe neza.
Ni izihe nyishu zitezwe kuri leta y’Uburundi n’abayifasha ?
Доступные форматы для скачивания:
Скачать видео mp4
-
Информация по загрузке: