Ibirori vyo kwinjira icese ingoro nshasha "Kwa Ntare Rushatsi" y'ibiro vy'Umukuru w'Igihugu: KU KIVI
Автор: Ntare Rushatsi House TV
Загружено: 2019-10-07
Просмотров: 28700
Kw’igenekerezo rya 27 Nyakanga, uyu mwaka w’2019, inyubakwa nshasha y’ibiro vy’Umukuru w’Igihugu, ingoro yitiriwe Umwami Ntare Rushatsi Cambarantama, ikaba yubatswe ku musozi wa Gasenye muri komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura, niho yari iramutse yinjirwa icese.
Ibirori vyo kwinjira iyo nyubakwa iteye igomwe, isanzwe iri no ku rutonde rw’inyubakwa zitiriwe imyaka 57 irangiye abarundi twikuyeko intwaro y’abakoroni, bikaba rero vyari birongowe na kizigenza, Umukuru w’Igihugu cacu c’Uburundi Nyenicubahiro Petero NKURUNZIZA, bikaba kandi vyari vyitabwe n’abandi banyecubahiro bo mu nzego zitandukanye z’igihugu, abaserukira ibihugu vyabo hano mu Burundi, abo mu mashirahamwe yaba ayo mu Burundi canke mpuzamakungu akorera hano iwacu i Burundi n’abandi.
Доступные форматы для скачивания:
Скачать видео mp4
-
Информация по загрузке: