Impinduka muri leta ya
Автор: URUGENDO NEWS
Загружено: 2024-01-07
Просмотров: 22872
Joseph Ndayisenga asubiriye Général Jules Ndihokubwayo !!
Général Jules Ndihokubwayo
ntakijejwe kugendanira Umukuru w'Igihugu. Yasubirijwe n'umwizigirwa wa Angeline Ndayishimiye.
Kuva muri 2020, Jules Ndihokubwayo yafatwa nk'inkingi idasanzwe ya Prezida Ndayishimiye. Ni mwenewabo basangiye vyinshi kuva mu buto. Ku rugamba rwa CNDD-FDD basangiye akabisi n'agahiye. Abamuzi bamuvuga nk'umugwanyi adasanzwe, bamuvuga kandi nk'umuntu adatinya kwerekana ko atemera ikintu kitamuguye neza. Ibi biri mu vyamutumye atoroherwa mu butegetsi bwa Prezida Nkurunziza, yanse kumuduza amapete nk'abandi basangiye urugamba mbere ashima kwama amurungika hanze, kure y'ubutegetsi. Mu kiringo ca gatatu, Jules Ndihokubwayo yaraketswe rwose ko yari kumwe n'abasirikare batemera ubutegetsi bwa Nkurunziza, bamufata ko akorana n'abaroberi naho we yavyamiriye kure. Yoba yari intwazangabo icunzwe cane maze akiza agatwe kubera yari yegereye Général Evariste Ndayishimiye.
Jules Ndihokubwayo yaraye akuwe mu mabanga yo kugendanira Umukuru w'igihugu (chef du Protocole d'Etat) yari amazemwo imyaka itatu n'igice. Muri ayo mabanga yasubirijwe na Joseph Ndayisenga yahora ari Umuyobozi mukuru ajejwe gufatana mu nda. Joseph Ndayisenga asanzwe ari Umukuru w'Urwego nshingwantwaro rwa Fondation Umugiraneza yo kwa Angeline Ndayishimiye. Abegereye Jules Ndihokubwayo bavuga ko yahora yerekana ko adashigikiye ukuntu Umupfasoni w'umukuru yivanga mu bintu vyose nkuko yoba anganya amabanga n'umukuru w'igihugu. Kumbure biri mu bisigura impamvu arungitswe kure y'ibiro vy'umukuru w'igihugu. Ikurwa rya Jules Ndihokubwayo rishobora kwongereza ububasha bwa Angelina Ndayishimiye.
Itegeko ry'umukuru w'igihugu ryaraye rigenye Général de brigade Jules Ndihokubwayo mu mabanga yo guserukira Uburundi mu makungu. Kuba Jules Ndihokubwayo agiye kurungikwa kure y'Uburundi hari abagiye kwiruhutsa. Muri abo harimwo abarongoye ibiro bikuru vy'igisirikare n'iperereza ry'Uburundi bari bikeka ko ashobora kubasubirira. Jules Ndihokubwayo ari mu babangamiye abagerageje gutembagaza Prezida Ndayishimiye. Abo bose baziruhutsa ko ijisho rya Jules ribavuyeko.
Muri 2021, Jules Ndihokubwayo yaravuzwe mw'inyuruzwa rya Christian Ndizeye batazira Balèze amuhoye isoko ry'ivyuma bishaje vya Regideso Balèze yari aherutse gutsindira. Iryo soko riciye umuliyaridi urenga w'amarundi. Jules Ndihokubwayo avugwa ko nawe asanzwe adandaza ivyuma bishaje.#Amakuru_yurugendo_news
#Updats_zurugendo_news
#Interviews_zurugendo_news
AMAKURU YA 🅱🅱C GAHUZAMIRYANGO
AMAKURU YA RPA YIHUTA
AMAKURU YA HAGURUKA YIHUTA
AMAKURU YÍNZAMBA YIHUTA
AMAKURU YA PEAC FM YIHUTA
AMAKURU N'IBIGANIRO BICUKUMBUYE
Доступные форматы для скачивания:
Скачать видео mp4
-
Информация по загрузке: