Ivoka turima mu Burundi nizo zikenewe? Umviriza Ferdinand Habimana arongoye CNDD-FDD/Butanyerera
Автор: Cndd-Fdd - TV
Загружено: 2024-05-19
Просмотров: 2455
🔴Nimba uri umurimyi w’ivoka, raba ko uriko urarima ivoka rishoka kw’ishoko mpuzamakungu.
----------------------------------------------------------------
« Igiterwa c’ivoka gishobora gutanga umwizero wo gushika ku mbonakazoza y’igihugu mu gihe abaneguhu bujukiye kukirima kandi bakagikorera neza, bakarima ubwoko bw’ivoka rya ruhere (Hass) buhurumbirwa kw’isoko mpuzamakungu, urupapuro rwotuma amavoka ashorwa mu bihugu bitandukanye (Certification) rukaboneka.» Vyashikirijwe n’Umunyamabanga w’Umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Butanyerera Ferdinand Habimana, yari amaze imisi akurikirana ibijanye n’igiterwa c’ivoka mu bindi bihugu. Hari mu gihe, ku magenekerezo ya 17 na 18 Rusama 2024, abagumyabanga bo mu makomine ya Kiremba na Tangara mu ntara ya Butanyerera bariko barasigurirwa ingingo zapfunditswe n’Imana ya komite Nkuru y’Umugambwe CNDD-FDD.
Ferdinand Habimana yemeza ko umwenegihugu umwe umwe naho yorima ibiti cumi vy’ivoka ; ashobora kwinjiza imiriyoni zirenga zitanu z’amafaranga y’amarundi ( 5.000.000Fbu) ku mwaka.
Ku bijanye n’amavoka arimwa mu Burundi, Ferdinand Habimana arasaba abarundi kuraba ko bariko bararima amavoka ahurumbirwa kw’isoko mpuzamakungu, ati : « Amavoka yaratewe nivyo, kuva kuri Sogokuru Petero Nkurunziza. Mu Burundi haratewe amavoka menshi, ariko haterwa amavoka atariyo akenewe kw’isoko mpuzamakungu. Ayamaze kurimwa akenewe kw’isoko mpuzamakungu ntarenga ibice mirongo ibiri kw’ijana ( 20%). Ntihaze hagire uwuvuga ko afise amavoka menshi, adafise amavoka ya Ruhere (Hass). »
Mu ngingo zafashwe n’Inama ya komite Nkuru y’Umugambwe, haravuzwe ko mu myaka itanu, Uburundi butegerezwa kudandaza, umwimbu w’ivoka ugera kw’itoni umuriyoni (1.000.000T). Ferdinand Habimana yizeza Ubuserukizi bw’Umugambwe mu gihugu ko ico gishoboka, ndetse we akabona ko uwo mwimbu uzoboneka muri Butanyerera gusa aravye umurindi bariko mu kurima ivoka.
Доступные форматы для скачивания:
Скачать видео mp4
-
Информация по загрузке: