Ijambo SG/CNDD-FDD ashikirije, inyuma y'imyaka itatu iheze ashinzwe amabanga
Автор: Cndd-Fdd - TV
Загружено: 2019-08-22
Просмотров: 13356
Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 20 /8/2019, umugambwe CNDD-FDD wari uramutse uhimbaza imyaka ine iheze usubiriye kwizerwa ngo urongore igihugu c’Uburundi, n’imyaka itatu iheze Ubuserukizi bukuru burongoye umugambwe ubu bushizweho. Mu gihe hasigaye igihe gito ngo amatora asubire kuba mu Burundi, Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD Gnl Maj Evariste Ndayishimiye, arashima imigenderanire iri hagati y’abarongoye imigambwe, ndeste imigambwe ishika 19 ikaba yari yaserukiwe muri ivyo birori vyabere mu ngoro nkuru ya CNDD-FDD iri mu Ngagara mu Gisagara ca Bujumbura. Abo baserukiye iyo migambwe n’abakuru b’imugambwe nka RPP Nturenganywe, FROLINA, UPRONA, SAHWANYA FRODEBU, FNL, RADEBU, RANAC, UPD Zigamibanga, PMP, MSP Inkinzo, APDR, SANGWE PADR na PALIPE AGAKIZA, Umunyamabanga mukuru w’Umugambwe CNL, intumwa z’imigambwe KAZE FDD na ADR
Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD akabona ko ari ikimenyetso kitabesha, cerekana ko amatora ategekanijwe mu mwaka w’2020 azoba abenegihugu batekanye : « Ni ubwambere mu Burundi hateguwe amatora imigambwe iriko irasenyera ku mugozi umwe, abarundi bariko barahunguka, mugihe ayandi matora yategurwa abarundi bariko barahunga. »
Доступные форматы для скачивания:
Скачать видео mp4
-
Информация по загрузке: