Ivyiza Imana yakoreye Abarundi mu kwezi kwa Gitugutu: SE Evariste Ndayishimiye yabivuze mu mashimwe
Автор: Cndd-Fdd - TV
Загружено: 2020-10-29
Просмотров: 2885
Muri uku kwezi kwa Gitugutu, hari vyinshi vyotuma abagumyabanga, ndetse n’abarundi bose muri rusangi bashimira Imana. Mu masengesho yo kuri uyu wa kane 29/10/2020, Umukuru w’igihugu akaba n’Umunyamabanga mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD Nyenicubahiro GM Evariste Ndayishimiye yavuze bimwe bimwe mu vyiza Imana yakoreye Abarundi n’Uburundi muri uku kwezi kwa Gitungutu.
Intara zimwe zimwe zari zabuze akavura, ariko muri uku kwezi karabonetse. Mu guhugu, hariho ibibazo vy’inkoramutima ku benegihugu vyatorewe umuti. Mu butungane, Inama Nshikiranganyi yaratoye amategeko atunganya neza ubutungane. Abenegihugu hahora hagera igihe baronka umwimbu bakabura aho bawushorera. Muri uku kwezi, Reta yafashe ingingo yo kuzoza irawubagurira kugira ntibabure iyo bashora, iwubabikire, habaye inzara canke bakenye imbuto, ibigarukane, abenegihugu babironke batazimbwe. Muri uku kwezi nyene, Reta yarafashe ingingo itomoye ya poritike ijanye n'uburimyi. Mu bijanye n’amagara y'abantu, ukwezi kugira gatatu kuraheze ata murundi n’umwe yanduriye ikiza koronavirusi mu Burundi.
Vyari vyaranse ko twegeranya urwaruka rwose rwize, ariko muri uku kwezi vyarakunze kandi icavuyemwo ni icizere ku Burundi.
Доступные форматы для скачивания:
Скачать видео mp4
-
Информация по загрузке: